Umutumiro w’amasengesho wo kur’uyu wa Karuhuko (Isabato) igenekerezo rya 19/02/2022.

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IHANGA RYERA RY’IMANA

Twebge abana b’Imana, abatoranijwe tugahabga isezerano ry’intahava ntituguma tureka ngo satani n’abadayimoni agume akubagura abakozi b’Imana mu kubateza ubuzimire, ububeshi, amanyama, ugusambura binyegeje mw’ijambo ry’Imana. Ubgo kuri uyu wa KARUHUKO igenekerezo rya 19/02/ 2022 tugiye imbere y’Imana, tuzosengera amasengesho twahawe twongere dusengere n’abo bahemutse kubera ivyaha bakora bagata imirimo y’Imana bakisuka mu gukorera satani mugukwiragiza ibinyoma kugira ngo abantu basanzare, bagwe babivemwo.
Ihanga Ryera ry’Imana ryose riratumiriwe mu masengesho yo gusenga no kwiyiriza ku munsi wa KARUHUKO igenekerezo rya 19/02/2022. Uhoraho Imana yacu yadutumiriye kumwegera kundi twiyejeje ngo dusengere n’imitwaro.
URUFATIRO
“Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimensheshe Imana, mu gusenga no kwinginga bifatanije no gukenguruka.” [Abifilipi 4:6]
“Musengere muri Mpwemu ibihe vyose, mu buryo bgose bgo gusenga mwinginga, kandi ivyo mubibere maso, mukobeje rwose, musengera abera bose” [Abayefeso 6:18]
IMITWARO TUZOSENGERA
1.Tuzosengera amasezerano yacu y’ijuru, ay’Ishengero n’ay’igihugu.

  1. Tuzobohoza ababoshwe bari mu ngoyi za satani batwawe akayombekere:
  • Tuzosengera abakorana ivyaha imirimo y’Imana;
  • Tuzosengera abaguye mu nyigisho z’ibinyoma n’ubuzimire;
  • Tuzosengera abikuye mu amasezerano y’Imana bashaka kuyatesha n’abandi;
  • Tuzosengera abazinzwe ingwara, ubukene n’umwiheburo;
  • Tuzosengera abakubagurwa n’impwemu zo kuzangazanga no kujuragirika;
  • Tuzosengera ababoshwe n’impwemu zo gusukiranya ivyo Imana n’ivyo mw’isi;
  • Tuzosengera ababoshwe n’impwemu z’ubusamvanyi no kw’isambanya;
    -Tuzosengera abakubagurwa n’impwemu zo gutambikiza mu madini;
    -Tuzosengera abakubagurwa n’impwemu zo gukunda ivyubahiro n’amaronko;
  • Tuzosengera abakubagurwa n’impwemu yo kwikakisha n’ubgibone;
  • Abakubagurwa n’impwe mu z’abapfumu z’abarozi n’abakinzi;
  • Tuzosengera abasambuye ibicaniro bakirema ibice bamenye ibanga;
  • Tuzosengera abakubagurwa n’impwemu z’ukwihora, ukubesha n’amashavu;
    Tumirira beneData bandi muri aya masengesho kuko hari ico Uhoraho agira yikorere abantu bose babiboneshe amaso batangare.
    Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo yamamare!