Uwibaza yuko ahagaze yiyubare kuko imitego ya satani yo ku kugwisha yatezwe.
MU-KRISTO, AHO URI HOSE WAME WUBAKA MUGABO UGAVYE KANDI UGIRE URUKUNDO RWUZUYE UBGENGE RWISUKA NK’AMAZI Y’UMUSARARA. Uyu munsi urondera indyadya, abasambanyi, ababeshi, abasuma, abacokoranyi n’abakorera mu buzimire ; ubasanga mu madini, amashengero n’abiyita ngo ni abakozi b’Imana bavuga yuko bazi ukuri kandi bihagarariye ku nyuguti gusa.Wumvirije utujambo bavuga n’imirongo ya Bibiliya bakoresha, udafise Mpwemu Yera […]