Iyo dusenga dusengere abanyengabire kuko barageramiwe na satani.

IGIHE COSE USENGA USENGERE UBUGINGO BGAWE KANDI WIBUKE NO GUSENGERA ABANYENGABIRE.

Ugusenga ni ikirwanishwa gihambaye abantu benshi bataramenya ibanga ryaco. Kwama dusenga bituma Uhoraho Imana amenya vy’ukuri yuko tumuhoza ku mutima. Iyo dusenga twejejwe, Uhoraho Imana aratega ugutwi amajambo akanwa kacu katura hanyuma agatanga inyishu.
Ugusenga twejejwe ni inzira y’ubushobozi budasanzwe bgo kubohoza ibiboshwe no kugaburuza imigabo ya satani n’ibikoresho vyiwe. Uwo mubisha yaratumye intumwa kugira ibitero bihambaye ku bana b’Imana. Muri iki gihe ariko arahamana n’abavugabutumwa, abavugishwa, abaririmvyi n’abasenzi. Abo ni ukubasengera igihe cose upfukamye gusenga. Twese tuduze amajwi yacu dusengera ivyo bikoresho vy’Imana. Amasengesho yacu azokiza vyinshi. Dusengere abarongozi n’Abera bose aho bari mu gihugu cacu no mu mahanga kw’isi yose. [Matayo 6:6]
Iyo dusenga, twihererane n’Imana, twame tuyishima kandi tuyitazira hanyuma tubone kuyisaba mu majambo yumvikana. Iyo dusengera abandi, twame tubavuga mu mazina yabo umwe kuwundi, maze tubone kuduza imitwaro yabo. Twame turushaho kwamamaza Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo. [Zaburi 34:3]