Amashimwe n’impundu mw’ijuru: Umubatizo mu Ntara ya Bujumbura.

“UWIZERA AKABATIZWA AZOKIZWA, ARIKO UTIZERA AZOTSINDWA N’URUBANZA” MARIKO 16:16

Mw’ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana dufise impundu n’amashimwe kuko umuryango w’Abera waguka ku munsi ku munsi mu gihugu cacu no mu mahanga.
Wa mubi tuguma tumuteshaguza kuko aguma ashaka kuza gusahura intama z’Imana mu ruhongore kuko dutegerezwa kubera maso umurimo Data yadushinze kandi tukaguma dutwara ubutumwa bgiza bg’umusaraba wa Yesu Kristo mu misozi no mu bibaya.
Satani azana akarimi keza mugabo ashaka kuyovya abana b’Imana. Kera isi ihejeje kuremwa yihinduye inzoka ariko ubu hoho aca mu bantu bakorera Imana: Abavugabutumwa, abavugishwa, abasenzi, abaririmvyi n’abizera basanzwe. Abateza gukunda amaronko n’ivyubahiro, akabateza kubesha, amashavu, ubgibone, ubusambanyi n’ibindi bigatuma ivyo bakora vyose babikorana ubugunge.
Turagomba yuko umuntu wese yizeye Uhoraho Imana yomenya ukuri kwose kumuha ukwidegemvya, agakizwa neza kugira ngo agororokere Imana muri vyose. [Yohani 8:32]
Turagomba yuko umuntu wese akora ibikorwa vy’Uhoraho Imana aba uwejejwe, icitegererezo mu mvugo no mu ngendo ziwe aho aba ari hose kugira ngo twese tube ivyete bisomeka mu bizera no mu banyanahanga.
Burya abantu batukisha izina ry’Uhoraho Imana ubgambere na mbere ni abitwa abakozi b’Imana. Nibo babera ibigomezo abariko baraja mw’ijuru. Twese dutegerezwa guhinduka canke tugatandukana kuko ata ruvange ruzokwambuka. [1Abikorinto 6:9-10]
Tunezerererwe beneData bakomeza kwitaba akamo n’ijuru ko kwizera, ukwihana, ukwezwa, kubatizwa, ukwuzuzwa Mpwemu Yera no kuramiriza mu rugendo. Umwami Yesu Kristo yamamare!