Muragabe muhagarare neza mu gakiza kuko wa murwanizi yaje kubacamwo ibice.

IGABISHWA KU BAKOZI B’IMANA AHO BAHEREREYE HOSE. Muramenyeshejwe yuko wa murwanizi ameze nk’intambge iguma irondera ico irotsa. Satani akuma ahindura imikenyuro ku mwanya ku mwanya. Amashengero menshi yarayaretse arugurura kandi arakora ku mugaragaro mugabo ayasikamwo uruvange, abantu bakurikira ibirori, ivyuma n’umuziki, inyubako n’ibitangaza maze abibagiza ukuri kw’ijambo ry’Imana no kurihengera. Benshi bibaza yuko bariko baraja […]