Furura iyo ngabire wahawe kugira ngo iheshe icubahiro Uhoraho Imana.

WAME WIBUKA KURI UWEJEJWE N’AMARASO Y’IGICIRO YA YESU KRISTO UMUCO WAWE UGARAGARE. Abantu benshi barumva ubutumwa bgiza bg’umusaraba bukabacumita mu mitima, bakizera, bakihana bakezwa bakanabatizwa ariko iyo bahuye n’ibibagerageza bagasubira inyuma bakarwa. Kenshi ibibarwisha biza iyo bari, bonyene umubiri n’ivyiyumviro bikabibutsa ibihimbaro bidafashe vy’iy’isi ahandi ababanyi, abagenzi n’ivyo bisangamwo bikabatwara akayombekere. Hariho n’inyigisho z’amadini n’amashengero […]