Dusengere abitwa abakozi b’Imana b’Abarundi kuko bakora ivyaha n’abapagani batinya.

UMUKRISTO WESE ASABGA GUSENGERA ABITWA ABAKOZI B’IMANA B’ABARUNDI KUGIRA NGO IMANA ITABARE ABIZERA BAYO. Uko imico myinza y’ubuntu, urupfasoni no kwiyubaha mu gihugu yagiye ironinekara ni nako agakiza k’abantu bari mu mashengero kagiye karahera. Aha ntaworinda kuvuga ivyaha n’ububisha bikorwa n’abantu mu gihugu kuko birateye isoni n’agahinda. Ikibabaje gusumba vyose n’uko ishengero ariryo ryari rikwiriye […]