Itangazo ry’Ihanga Ryera ry’Imana: Itegure kwakira inganji ya Kristo Yesu mu Burundi

ITANGAZO RY’IHANGA RYERA RY’IMANA RYO KUWA 07/10/2021.Barundi, barundikazi, rwaruka muba mu gihugu cacu c’Uburundi namwe mwese muba mu mahanga. Tubafitiye inkuru ivuye mw’ijuru k’Uhoraho Imana yacu tugomba yuko umuntu wese, uwuhambaye n’uworoshe, uwuganzwa n’uganza bose bategerezwa kumenya.Barundi, barundikazi, murazi yuko tumaze imyaka myinshi tubamenyesheje yuko Abarundi ari Ihanga ryatoranijwe n’Imana nk’uko vyagiye birahishurwa kuva kera. […]