Yesu Kristo ashobora kukwokora akagutabara umuhamagaye mu bugingo bgawe nk’umwami n’umukiza.

Muri iy’isi dutuyeko na cane cane mu gihugu cacu hariho abantu benshi bagendana ibikomere mu mitima yabo kubera amagume n’amagorwa Abarundi twaciyemwo. Abantu benshi hirya no hino mu barundi n’abanyamahanga, babayeho mumuriro ugurumana. Bamwe baricuza igituma bavutse bagashika naho bipfuza gupfa. Ni naco gituma tubona hari abiyahura abandi bakisuka mu ntambara zishobora kubatwara ubuzima. Abandi […]