Ingendo n’inyifato ibereye usabga ku gira muri ibi bihe vyegereje.

IJURU RURATABGARIZA ABARI KW’iSI BOSE NA CANE CANE ABATIRANIJWE. Aha kw’isi, mu gihugu no mu mashengero burije kandi umwiza w’umuzitanya warinkiye. Imvura iriko iranyanyaga kandi igiye kurwa irimwo n’igihuhusi. Ni igihe co kwegeranya ivyo ushobora gufungura no kunywa mu rushana. Wiyegereze udutara kandi wirinde kuja kure y’imuhira.Ni igihe co kwama usoma Bibiliya, ukibuka ukuri wigishijwe […]