Yesu Kristo azokubgira ati mwana wanje: “Nari nshonje urangaburira” Matayo 25:36.
Ihanga Ryera ry’Imana ntiryahagurukijwe no kuvuga imirongo ya Bibiliya ku mutwe canke kudondagura ivyagezwe uko bingana. Twahamagariwe kubishira mu ngiro kuko ibikorwa nivyo bivuga cane gusumba amajambo.Kimwe mu bikorwa vyo gushitsa ivyagezwe ni ugufasha abagowe, abapfunzwe, abarwaye , abagendana ubumuga, abageze mu zabukuru, abana bo mwibarabara…Igicaniro c’Ihanga Ryera co mu Ruyigi ku mugwa mukuru, abakigize […]