

UKWUMVA IJAMBO RY’IMANA NO KURISHIRA MU NGIRO.
Ukwumva no gukora nico Umu-Kristo wese ahamagarirwa gukora. Nkuko twama tubivuga, hariho abama bavuga ukugendera ku vyagezwe bakibaza yuko ari ukubivuga ku mutwe canke mu kanwa. Baravuga ngo twe twizera ivyagezwe akama arivyo basomangiza abantu ukamengo nikwo kugororoka. Bari bazi yuko uretse kuvuga n’ivyagezwe, abadayimoni bemera Uhoraho Imana kandi bagahinda ahashitsi [Yakobo 2:19].
Uwubaha ivyagezwe w’ukuri ni uwukora ivyo kugororoka. Tumaze iminsi tubashikiriza abarongozi b’Amashengero y’Ihanga Ryera ry’Imana berekana yuko ivyagezwe atari ku munwa mugabo ari ugukora ico ijambo ry’Imana ridusaba.
Uyu munsi tubashikiriza ingene abera bi Muramvya barongowe na Apôtre MANIRAKIZA Mathias aho kw’igenekerezo rya 02/03/2021, bagiye mw’ibohero rya Muramvya kuraba abapfunzwe . Ishengero ryama ryegeranya ibintu rikabishira abapfunzwe , rimwe mu mezi abiri . Babikora kugira bashitse ijambo ryo kubabarana n ‘ abababaye [Matayo 25: 31- 40]
Babikorera muri “Colonne de la Droiture” iriho mu ntumbero yo gushitsa ukuri kwose kw ‘ ijambo ry ‘ Uhoraho . [Matayo 5:13-16]
Woba uri kure mugabo ukipfuza kwifatanya n’abandi uwo murimo w’iteka. Rondera Apotre Mathias MANIRAKIZA kuri +257 79 28 47 90.
Umwami Yesu Kristo yamamare!