Imburi kw’Ihanga ry’abarundi yerekeye amanama y’ubgoko (Abahutu n’abatutsi): Ibikorerwa mu mpisho Uhoraho Imana arabigaragaje.
IMBURI IBURIRA IHANGA RY’ABAUNDI BIYITIRIRA UBGOKO (ABAHUTU N’ABATUTSI) YO KUWA 15-10-2020. Iyi mburi ni hishurirwa ry’amabanga akomeye y’inama z’urutavanako zikorerwa mu gihugu hagati no mu mahanga. Izo nama zikorerwa mu kinyegero n’abigize imboneza z’abahutu co kimwe n’abigize imboneza z’abatutsi. I. IMBURI KU BACIYITIRIRA AMOKO Uhoraho Imana yahishuye yuko hariko harakorwa amanama y’urutavanako mu kinyegero y’abahutu […]