Intahe ya Fulgence NIMBONA: yagarukiye ku munwa warwo/ Diane NSHIMIRIMANA.
INTAHE YA FULGENCE NIMBONA Aha munsi y’izuba habera vyinshi. Hari ivyo twumva ku maradio ukamenga nivyo mu bindi bihugu kandi ari ngaha iwacu. Bagenzi, satani yaratwinjiranye, yaratwinjira kandi twese dukwiriye uguhaguruka tukamurwanya, mw’izina rya Yesu Kristo. Fulgense NIMBONA yatanguye anywa inzoga nk’abandi bantu bose tubona, hanyuma akanywa n’itabi nkuko n’abandi babigenza na rimwe rimwe […]