Mu Burundi basigaye barya urushato rw’inka bakarugura mw’isoko nk’imituri y’inyama
Mu ntara ya Bubabza ngo urshato rw’inka ku duharage bokwicirako. Ibihe biha ibindi: Kw’isoko y’i Bubabza basigaye bagurisha ibihimba vy’inshato kubazifungura. Imiteko y’amafaranga 1000 na 2000. Abayangayanga bati: » Uh!, ivyo biramaze kumenyerwa. abazigura bavuga yuko ushize izo nshato ku biharage ntiworaba ingene bumanuka. » Izo nshato kera zarondererwa kwambika ingoma, none zoje zisubirira imisoso y’inyama […]