Imana Data wa twese ishimwe cane!Turashima lmana ko Yehova yo idushikanye iyi saha tukiri bazima
Murikumwe n’Umwungere Uwisezerano Libéré,nkaba ndabaramukije mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo!
Nagira ngo ko lmana yavyemeye tubandanye kwihwereza hamwe ivyago 5 vyari bisigaye kuri 10 lmana yakubitishije Farao n’abanyegiputa kuko yari yanse kwumvira Uhoraho.
Wibuke ko urufatiro dufise ari KUGARUKANA IGITINYIRO C’IMANA MU BANTU BAYO.
6) Iki cago tugisoma mu Kuvayo 9:8-12.
Iki cago cari kigizwe n’ibihute bivamwo amashira mbere na bakamenyi ba Farao ngo ntibashobora no kuza imbere ya Mose kuko nabo bari buzuye ibisebe.
7) Iki cago tugisoma mu Kuvayo 9:13-35.
Iki cago cari kigizwe n’imvura y’urubura n’umuriro bivanze n’imituragaro ,vyica abantu n’ibintu eka n’ibikoko vyari mw’ishamba.
8) lcago c’Umunani kiri mu Kuvayo 10:1-20. Cari kigizwe n’inzige.
Kuvayo 10:1-2 » lmana ibwira Mose ati injira mu nzu kwa Farao kuko namukomantaje umutima n’abantu biwe no kugira ngo nkore ibi bimenyetso vyanje hagati muribo.Kugira ngo uzobwire umwana wawe n’umwuzukuru wawe ibikomeye nagiriye abanyegiputa n’ibimenyetso nakoreye hagati muribo,mumenye yuko ndi UHORAHO. Halleluya! Inzige zirya ivyari vyasigajwe n’urubura vyose ,zuzura amazu n’imisozi kuburyo atawabona hasi.
9) lcago c’icenda tugisoma mu Kuvayo 10:21-29.
Cari kigizwe n’umwiza canke umwijima. Ntawashobora kuraba ngo agire icabona imisi 3 yose irahera. I Gosheni ho harabona .
10) lki cago cagaragaye gikomeye cane kuko arico cadenduye Farao. Tugisoma mu Kuvayo 12:29-36.
Imana yishe buri mfura yose muri Egiputa uhereye munzu kwa Farao gushika kuri nyarucari n’igitungano cose.
Umenye ko mugihe abantu batubashe Uhoraho ,mugihe udatinya Uhoraho uzanira ingorane abo munzu yawe ,ababanyi ,ishengero ,igihugu ,isi yose eka n’ibintu.
Akabazo gato ko gufasha gutahura ububasha bw’lmana:
Nk’igihe lmana ihonya ab’i sodomu na Gomora ,inzoya zari zivutse ,ibikoko,ivyatsi n’ibiti vyo mw’ishamba vyazize iki? Ntivyazize icaha c’abakuze? Hama hano muri Egiputa ,ba banyagihugu bato batazi n’intwaro uko vyifashe ntibazize icaha ca Farao?Nuko barundi benedata mukure icaha muri mwebwe ataruko uko niko bigiye kugenda igihugu cose kizozire ivyaha vy’abarongizi ariko nkuko tubisoma mu Kuvayo 12:22-23;
« lmana yategetse Mose ko babaga umwagazi w’intama ,amaraso yawo bakayasiga kuri buri gishimaryango c’inzu zabo i Gosheni kugira ngo umumarayika atikiza naza kwica imfura zose zo muri Egiputa bobo ntibapfishe imfura zabo. Niko vyagenze.
Uwu mwagazi w’intama wari ikimenyetso ca Yesu Kristo. Niko na n’ubu uwutazoboneka ariko amaraso ya Yesu ariwe mwagazi w’intama w’lmana ntazobona Uburundi bushasha. Agiye gupfa ntakabuza ntazosigara. Mwiyeze rero mwoye gukomantaza imitima yanyu nka Farao ngo mwibonereko kuko lmana yeremye ijuru n’isi ntikinishwa,ntisuzugurwa canke ngo iterwe akagere!
Mukundwa unkurikirana ,ndakwipfurije guhungira muri Yesu Kristo ngo ugire ibihe vyiza imbere,Uhoraho abikunze tuzononana ejo. Uhezagirwe!