Kwishura ivyo wakoze

ABACAMANZA 19 : 1- 30,,, KW’ I SHURA IVYO UBA W’ A KOREYE ABANDI, U BURYO WA BIKOREYE ABANDI NIKO WA REMYE IB’ I ZOKUBAKO NK’ I VYO WAKOREYE ABANDI ,,,

Anselme, Nyawita, Yaragwira.

30. 11. 2016

Uyo mugabo yari u Mulewi, agira umugore yari yabiriye, maze umugore wiwe amucumurako icaha co gusambana, arahukana asubira i wase i betelehemu h’ i Buyuda, amarayo igihe c’ a mezi ane; kubw’ u rukundo umugabo ya kunda umugore wiwe, y’ i bagira ivyo ya mukoreye ajayo kugirango amugarukane; Kandi niko vyagenze ajayo se bukwe wiwe aranezerwa cane kuko umugabo yashize imbabazi n’ u rukundo imbere yibagira ivyo umugore wiwe ya mukoreye, ariko uyo mugabo w’ u Mulewi nawe yakoze icaha co kutumvira no kutihangana arico ca mubereye igihano munyuma,: Icaha yakoze co kutumvira no kutihangana kiri hano { Abacamanza 19: 5-15}. Umugabo kubwo kutumvira se bukwe be no kutihangana ahura n’ i cago c’ uko haje abanyagisagara b’ a banyangeso mbi, bakikiza iyo nzu impande zose, bakubitagura kurugi, babarira uwo mutama nyen’ urugo, bati Sohora uwo mugabo yinjiye i wawe, tumwonone { mu gihe tugezemwo bamusambanye mu buryo buzwi ubu bwo gusambana arabahuje ibitsina} kandi vyaragoranye kugira ngo bave kwizimano ryo gushaka uyo mugabo wenyene kwari we bonona, uretse kuba umutama yari yabasavye abahe umukobwa wiwe be n’ u mugore wuyo Mulewi, ariko bo bakomeza bishakira ko bahabwa uyo mugabo abe ariwe biyononera= Icaha cose umuntu akora atihanye neza ngo akireke kirakurikira kikazana ingaruka mbi, Nkuko kuyo Mulewi ya sabwa kenshi na se bukwe asibire iwe incuro-ncuro araruha yanka kumwumvira arashogomanga nuwo yarikumwe n’ u mugore wiwe, bimuviramwo icago c’ o guterwa n’ abanyagisagara b’ i ngeso mbi bishakira bonone nyene kandi hariho umukobwa be n’ u mugore, icago ca mushikiriye uyo Mulewi kiri hano { Abacamanza 19: 22- 25a}. Umugore wiwe nawe kubw’ i caha yakoze co kurenga ibigo, gusambana nawe aracishura nubwo bisa nuko ya kwegewe n’ u mugabo wiwe atumviye kandi ngo yihangane nk’ u ko se bukwe wiwe ya musavye gusibira incuro-ncuro akanka kumwumvira we agashogomanga, kuko yari yumva icari camukuye mu mugamba w’ Abefurayimu wo hirya cari ca heze ko arugusubirana umugore wiwe bidatevye. { Abacamanza 19: 25 b- 29} Abo bagabo banse kumva, wa mugabo niko gutinya kw’ o nonwa, abahereza umugore wiwe yari yarafatiye urugendo rumuvana mu mugamba w’ Abefurayimu rumuganisha i Betelehemu h’ i Buyuda kwa se ry’ u mugore wiwe iyo yari yarasubiye amarayo igihe c’ amezi ane, niko kumufata umugore wiwe bamumaza ijoro ryose : { bamwonona : Kumushurashuza, kumusambanya bamufata kunguvu} nuko umutwenzi ugeze umugore yaje guhenukira imbere y’ umuryango w’ inzu y’ uwo mutama { niho yapfiriye} umugore nawe yarasambanye none yicwa nu gusambanywa kunguvu. Umugabo nawe ashitse iwe arengera kuri nya muvyimba w’ uyo mugore : A wuhimbaguramw’ ibihimba cumi na bibiri; { Abacamanza 19: 30} hakavuga u buryo abantu bose babibonye bavuze yuko kibaye ikintu cambere kitigeze gukorwa canke kuboneka, uhereye ku musi Abisirayeli badugiye bava mu gihugu ca Egiputa.

,,, NONE BISIGURA IKI IVY’ UYO MULEWI N’ U MUGORE WIWE KU BURUNDI NO KURI WEWE ,,,

Guma kw’ i sezerano, guma kuco wizeye, guma kuco urindiranye umutima wawe wose, ba nkuyo Mulewi ya komeje kwerekana ubwizigirwa n’u rukundo rw’ u kuri ku mugore wiwe. Ntube nkuyo Mulewi atumviye atihanganye, komeza wumvira ivyavugishijwe k’ u burundi ko bitungana vuba kandi ko ibimenyetso ubifise, wihangane ntiwiremere ivyago mu misi mibi iri imbere nkuko kuyo Mulewi yasabwe kurindira ariko biramwankira y’ i remera icago yahuye naco munyuma avuye kwa se bukwe aho ya zwako na bishakiye wenyene ngo bamwonone, akwegera n’ u mugore yari avuye kugaruza i wase. Ntumere nkuyo mugore ya jweko n’ u mugabo wiwe ahita aravyina yuko icaha ciwe gihongerewe yirya akara nawe yanka guhanura umugabo wiwe gusibira kugera aho bwaca ngo babone kugenda arivyo vya muviriyemwo kwishura icaha co gusambana ya koze aho ari we yaciye atangwa kurabo banyagisagara b’ abanyangeso mbi aba ariwe bonona ijoro ryose apfira muri bwa busambanyi kandi bubi bwo gufatwa kunguvu nkuko bibiliya ivuga iti : Uw’ icisha inkota nawe azokwicishwa inkota. Nkuko abatanguje inkota yo kwica abantu mu burundi bagakomeza, ariko nabo ubwabo bakomeza bicana bo muri bo{ nico kimwe nico uyo mugabo ya koreye umuvyimba wu mugore wiwe, kuva u burundi butwarwa n’ intwaro zitandukanye niyo ntwaro iriho bicana bo kuri bo kandi bo ku rwego rwo hejuru} niko iyo nkota bagereza abandi igiye nabo ku bagerera, kandi nkuko aribo nabo bicana niko bazokomeza kugeza hasigaye abagerewe gufatwa mpiri, gupfungwa, gushitswa mu maboko ya bansi babo bakabagenza nkuko bagenza abandi.

Murakoze.