Dusenge Imana 

Dusenge. Turagukengurukiye Data mwiza ubuntu n’imbabazi zawe twongeye kugirirwa nawe. Twaruhuriye imibiri yacu y’intege nke muri rya tiro turamahoro none tuvyutse turamahoro kandi. Data wera ntaco twarico kubona twagiriwe imbabazi nkizo. Kandi hamwe nivyo birashoboka KO wa murwanizi yateye aba n’abariya ivyago mwiri joro azananye mu bisuma n’abambuzi n’abicanyi. Ariko Imana ishimwe KO twebwe abariho tugiriwe ibakwe ryiza ryo kubona uwundi musi mushasha tutaribwo tubone kuva tubaye murino si. None rero turarengutse ariko kandi kurenguka mu nyonga zawe biteye ubwoba nico gituma twisabiye imbabazi ngo amaraso amwe y’igiciro atubonekeko bikunde dutangure iki gitondo ata majwi dufise atwagiriza. Data wera kugirirwa imbabazi nkizi sivyubusa nuko arico utugombako KO dushishikara kwezwa ngo bikunde tuzokubone. None rero bana natwe uyu musi muri vya bikorwa vyacu,muri y’a migabo nimigambi yacu maze satani ntaze kutuvangira ariko murivyo nyene turibuguheshe icubahiro kugira ntidutukishe Izina ryawe Yesu,hamwe nintege nke zacu Urubudukoreshe ivyubuhizi nka Gidiyoni. Urakoze KO imbabazi zawe ziza kubana natwe uyu musi . Ico twanse n’integuro mbi ziva kuri wa murwanizi. Uribuka abafata ingendo uyu musi ,abafise imitwaro iyi niriya uyu musi ubabere inyishu kandi urwanire abakozi bawe n’ishengero ryawe, tubisavye muri rya zina Ryawe ryera Yesu Kristo .Amen utugombakodufise ubwoba

Publicités