Honorable Hussen Radjabu yoba ariko arungika urwaruka rw’abarundi mu mutwe Al Shabab/ Somalia.

Hamaze iminsi havugwa imisore y’abarundi Iva mu burundi, muri Tanzania Congo no mu Rwanda ikavuga yuko igiye kwinjirira mu b’Uganda igisirikare ca Forebu ya Hussen Radjabu. Abantu rero bakibaza yuko kugira ngo bagwanye Leta y’uburundi yari yamupfunze maze agatiro ka Ibihero rikuru rya Mpimba, yuko abasirikare biwe borinda kuja kwinjirira mugihugu ca kure. Ubu rero abatari bake baratanguye kwiyumvira yuko ahubwo abo basore abarungika muri Somalia na Sudani yepfo kuja kwiga ibikogwa vy iterabwoba n’imigenzo ya Islam kugirango bazoze kubikorera I Burundi. Ayo makuru aremezwa n’igipolisi ca Leta ya Kenya aho gifatiye imisore y’abarundi bagiye mu mutwe wa Al Shabab. Igipolisi ca Kenya cavuze ko cafashe abantu bane, cemeza ko baturuka mu gihugu c’Uburundi, bari bagiye mu gihugu ca Somalia kwiyunga n’umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu, al-Shabab.

Umuvugizi w’igipolisi, George Kinoti, yabwiye BBC ko abapolisi batigaragaza bamaze igihe bakurikirana abo bantu bane, inyuma yaho baronkeye amakuru ko bagiye kuja muri Somalia.

Yavuze ko bafatiwe kw’ibariyeri mu karere ka Isiolo, ku birometero 350 mu buraruko bw’igihugu, baja ku mupaka wa Kenya na Somalia, ahitwa Mandera.

Igipolisi kivuga ko bari mu gihugu ca Kenya nk’abakerarugendo, uravye uburenganzira bwo kuba mu gihugu (visa) bafise.

Abo bantu bazwi ku mazina ya Bizoza Abderauf, Ntakarutimana Bernard, Nshimirimana Fulgence Shadady na Niyongere Yusuf, bose bagaturuka mu Burundi…

Publicités