Umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD wateguye imyiyerekano yo kwiyamiruza icegeranyo ca ONU ku burundi.

ico cegeranyo kivugwa ciyanirijwe n’imigwi myinshi kubera yuko kidashingiye ku kuri kandi abagikoze bahengamye

Abantu bo mubwoko bwose basidukanye n’iyonka kuza kwiyamiriza iyo rapport ya ONU . Ariko ukuri kuravugwa kuko niyo Leta yarishe abantu kandi nubu ikiriko kuburyo buboneka.

Abagwanya Leta bobo baragikengurutse mbere bagasaba yuko abagize Leta bobazwa na sentare mpuza makungu.

Mugabo naho biri uko haribonekeje ubwicanyi mu burundi mu myaka ya

1965, 1972, 1988, 1993 no kubandanya. Umuntu rero araba ukuri yo kwibaza ati kubera iki ONU yogomba yuko ingingo zofatwa kubwicanyi bwo kuva mu 2015 gusa?

Ico kibazo tuzokironkera inyishu tuzihawe nabo muri ONU nyene.