Generose Ngendanganya, ni umugore ageze ku rwego rwa Generari mu ntwazangabo z’Uburundi

Ku bagore ijana bihariye, uyu munsi twawuhariye General Major Generose Ngendanganya, umwe mu bagore babiri gusa bafise ipeta rya General mu gipolisi c’Uburundi cose.

General Major Ngendanganya ni komiseri mukuru mu gipolisi c’Uburundi akaba ari umuyobozi mukuru ajejwe intwaro no kubungabunga ubutunzi.

General Major Generose yasobanuye ibanga yakoresheje kugira ashike kuri urwo rwego.

Publicités