Kenya: intambara ishobora kwaduka, leta yafashe ingingo yoguhagarika imyiyerekano mubisagara

Ubutegetsi bw’igihugu ca Kenya uno munsi bwatangaje ko buhagaritse imyiyerekano mu bisagara bikuru vy’igihugu, i Nairobi, Mombasa na Kisumu.Umushikiranganji ajewe intwaro yo hagati n’umutekano Dogiteri Fred Matiangi yavuze ko hari amatungo menshi y’abanyagihugu yononywe mu myiyerekano iheruka, ko abayihamagaje bakwiye kuvyegekwako.

« Bivuye ku ngorane zibonekeza zituruka ku guhungabanya amahora no kuburagiza imirimo nkuko vyibonekeje mu myiyerekano iherutse, leta imenyesheje abanyagihugu ko kuva ubu tutagishoboye kwemera imyiyerekano hagati mu bisagara i Nairobi, Mombasa na Kisumu, » niko umushikiranganji Matiangi yavuze.

Afashe iyo ngingo inyuma yaho urunani rutavuga rumwe n’ubutegetsi « National Super Alliance » (Nasa) rurongowe na Raila Odinga rumenyesheje ko ruzobandanya rukora imyiyerekano gushika igihe akanama kajejwe amatora IEBC kemereye guhindura ivyo basavye.

NASA ikaba yamenyesheje ko kuva ku munsi wa mbere, iyo myiyerekano izokogwa imisi yose.

Inyuma yaho iryo tangazo ry’umushikiranganji Mathiangi risohokeye, NASA yavuze ko ataco rihagarika ko bazobandanya imyiyerekano ukuri kwamye.

Umushingamateka akongera akaba n’umuhinga wa NASA mu vy’amategeko Otiende Amollo avuga kw’ingingo ya Matiangi iteye kubiri n’amategeko.

« Kuvyo tubona nuko iyo ngingo itisunze amategeko, ibwirizwa shingiro riha uburenganzira umukenya wese kuja mu myiyerekano, tuzokora imyiyerekano nkuko ingingo ya 37 ibiturekurira, tuyibandanye. »

NASA ivuga ko biri mu mabanga y’abajejwe umutekano gukingira abari mu myiyerekano, abatari muriyo hamwe n’amatungo y’abanyagihugu.

Mu myiyerekano yo ku munsi wa gatatu bivugwa ko hari abantu bikitse mu kiza mu gisagara ca Nairobi, bonona amatungo y’abanyagihugu, NASA ivuga ko itovyegekwako.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s