Rwanda: itotezwa n’ikubagurwa ry’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa General Paul Kagame riguma ryiyongera ( FDI na RNC)

Abantu 8 bakurikiranyweko kuba mu mutwe witwaje ibirwanisho ugamije guhirika ubutegetsi bw’U Rwanda barasaba urukiko rukuru gusesa icemezo cafashwe n’urwisumbuye co kubakurikirana bafunze.Aba bivugwa ko bari abayoboke b’umugambwe FDU Inkingi ritaremererwa gukorera ku mugaragaro mu Rwanda batawe muri yompi mu ntango z’ukwezi gushize.

Ubushinjacaha busaba ko bakomeza gufungwa mu gihe bukomeje iperereza.

Ku isaha ya saa tatu niho abaregwa binjijwe mu cumba c’urukiko rukuru.

Bakiza bagaragaye mu mpuzu z’ibara ry’iroza ariko ryari ryazimanganyijwe n’ivumbi kubera ikimodoka c’igikamyo cabazanye kidatwikiriye ku buryo bubarinda ivumbi. Babafashe nabi cane gusumba inyamaswa

Basabwe gusobanura impamvu z’ubujurire, abaregwa babanje kwisigura ku rukiko bavuga ko bateguye imyanzuro ariko gereza ibafunze ntibafashe ngo ishirwe mu buryo bw’ikoranabuhanga bwemerera ababuranyi bose gusangira amakuru akubiye muri dosiye.

Ubushinjacaha bwo bwavuze ko bitashoboka ko buburana mu gihe butashikirijwe imyanzuro yakozwe n’abaregwa ku gihe. Ibi kandi vyanashigikiwe n’abanyamategeko bunganira abaregwa.

Me Gatera Gashabana na Antoinette Mukamusoni bavuze ko bakeneye igihe co gutegura ubu bujurire.

Abaregwa bafashwe ari 9 ariko umwe aza kugirwa umwere ubwo haburanwa ifungwa ry’agateganyo.

Uretse umwe yemeye ko yafashwe agiye gutanga ubufasha mu gihugu ca Repubulika iharanira demokarasi ya Congo ariko ntasobanure ubwo ari bwo, abandi bahakana uruhare mu vyaha bivugwa.

Ubushinjacaha buvuga ko abo bukurikiranye bari mu mugambi wo kwinjira mu mutwe witwaje intwaro ukorera mu gihugu cya Congo.

Uwo mutwe ngo ni uwitwa P5, ubushinjacaha buvuga ko urimo amashaka azwi ko atavuga rumwe n’ubutegetsi nk’irya RNC.

Bamwe ngo batawe muri yompi ubwo bari mu nzira berekeza muri Congo, abandi ngo bakaba barafatanywe inyandiko zigaragaza imikoranire yabo n’abamaze kugera mu mashamba ya Congo.

Muri uru rubanza havugwa cane ishaka rya FDU inkingi rya Madame Victoire Ingabire na we ufungiye guhungabanya umutekano w’igihugu.

Uwitwa Boniface Twagirimana – wungirije umukuru waryo – ashinjwa kuba ari we yahuza ibikorwa vyose vyo gushakisha abasore n’inkumi bo kurungika muri uyu mutwe.

Bisabwe n’ababuranyi, urukiko rwemeye gusubika uru rubanza rukazakomeza kuwa mbere ubwo bazaba babonye umwanya wo gutegura urubanza.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s