Usa: Amerika yikuye mu muryango mpuzamakungu UNESCO

Leta Zunze Ubumwe za Amerika zikuye mu ishami ry’Umuryango w’Ubumwe rishinzwe ubumenyi uburezi n’umuco ku isi, UNESCO.Umushikiranganji bw’ububanyi n’amahanga bwa Amerika yavuze ko iki cemezo kivuye ku co yita impungenge z’amadeni muri UNESCO, impinduka zikomeye zikenewe mu uyu muryango ndetse n’ico yise gukomeza kubogama bigamije kurwanya Isirayeli.

Umuyobozi wa UNESCO, Irina Bokova, yavuze ko ababajwe n’ico cemezo.

Amerika yahagaritse ubufasha yaha UNESCO inyuma yaho itoreye yemeza ko Palestina ibaye umunyamuryango wayo muri 2011.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri k’umwaka wa 2018 niho Amerika izoba yavuye neza muri UNESCO. Mbere yico gihe Amerika izoba ikiri umunyamuryango wuzuye.

Publicités