Amerika : Barack Obama yagenywe gukorera mu bucamanza

Amakuru y’ikinyamakuru CNN amenyesha ko Barack Obama yashitse mu gisagara ca Chicago kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 8 Munyonyo 2017, ariko ntiyahavuye atangura imirimo kuko yaciye asubizwa inyuma.
Umukuru wa sentare iburanisha mu gace ka Cook kari muri Reta ya Illinois, Tim Evans, yabwiye ibinyamakuru ko Barack Obama yahawe amabanga mu murwi uteri watumweko arico gituma yaciye asubizwa inyuma.

Igihe yashika muri sentare ikorera muri Daley Center mu gisagara ca Chicago, Barack Obama yaramukije abantu benshi bari baje gukurikirana urubanza yari gusasamwo.

Abantu bashika 220 nibo bari muri ico kibanza, ariko ikinyamakuru CNN kimenyesha ko bose yabaramukije kandi baronse n’akaryo ko kumuha ibitabo kugira bishiremwo umukono « autographes ».

Evans yavuze kandi ko Barack Obama yafashe n’amafoto ariko abuza abantu gufata ‘selfie’, abasaba gufotora amafoto asanzwe kugira ntacererwe mu kazi.

Barack Obama afise urupapuro rw’umutsindo mu bijanye n’amategeko rwo muri kaminuza Havard yo mu Bwongereza, akaba amaze gukora ibikorwa vy kwigisha ibiri mu vyatumye ahabwa amabanga yo kuja mu murwi w’abahinga muvy’amategeko.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s