Ijambo ry’Imana: *UBUZIMA NI IJAMBO.* 

_■Ijambo ry’umusi:_ « `IVYO KWIRATA.« `
*AB’I GALATIYA 6:14*

_Ariko jeho sinkirate ikindi, atari umusaraba w’Umwami wacu Yesu Kristo, watumye isi imbera ikibambwe, nanje isi nkayibera ikibambwe._

Ncuti yanje uyumusi ndakuzaniye inkuru yawe nyakuri yotuma wirata.

Akenshi umuntu arashobora kwibaza ngo yize amashure menshi, ugasanga ahantu aba mu kibano ciwe canke se ahantu agendera agenda ababwira ko yize menshi ashoboka ugasanga n’umuntu ashingira intahe amashure yize; aho kuvuga kristo kuko kristo aho avuzwe, umuntu acakizwa.

Ncuti yanje harikindi kintu woba utamenye igihe kristo aja ku musaraba burya vyabindi wibaza ko bigoye vyose ku musaraba vyaragiyeyo hamwe n’indwara zose zaragiyeyo, ubukene bwose, ukwiganyira kwose, ugupfa rubi kwose n’ibindi bibi vyose woba wibaza. Ikibazo ni wewe ukuntu ubibona kuko vyovyo bikubona nawe ubambwe kurivyo bisigura ngo hari itandukaniro hagati yo kurwara hamwe nawe, hagati y’ubukene hamwe nawe, n’ibindi nawe shirako icushaka.

Uyumusi gendera mu ntsinzi wahawe kubwo kwizera kristo; kuko hamwe no kumwizera vyatumye ivyakorekeye ku musaraba vyose biba inkuru yawe kandi vyose vyabaye kubwawe.

*NTUKIRATE IBINDI, URIRATA UWO MUSARABA WO WAGUSANZE UDASHOBOYE HANYUMA UKAGUSHOBOZA.* Halleluya!!!

Warahezagiwe mukundwa.

*RIMBURA*

_1Ab’i korinto 1:18_

_Ab’i kolosayi 2:14-15_

*ISENGESHO*

Data mwiza ndagushimiye ko washize kristo ku musaraba umuhoye jewe kugira ngo mbeho atakintu na kimwe kingora muri ubu buzima n’ubuzoza mw’izina rya Yesu Amen.

_*….ubuzima si ikinyegezwa, ubuzima buri mw’ijambo.*_

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s