
Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye kuri uwu wa mbere, Fransisko NYAMOYA, umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe amenyesha ko muri uwo mugambwe batera intege abashingwamanza bemeye kwitangira imiryango y’ababuze, mu kuyiburanira.
Fransisko NYAMOYA, umunyamabanga mukuru w’umugambwe MSD
Muri iryo tangazo ry’umugambwe MSD bavuga ko bashigikiye abo bashingwamanza : « Tubasaba kutadebukirwa na gatoyi, babandanye urugamba batanguye, turabashigikiye. »