Intahe ya grace yafashije beshi, nawe yogufasha.

IGISHINGANTAHE CA GRACE

——————————————

MWENEDATA DUSANGIYE INZIRA Y’AGAKIZA,MWIGEME NAWE MUSORE,EJO NI WABONA IKIBI KIKUGUYEKO,UKABONA ISI IRAKUBAMYEKO,UKABONA UBUYOBE BUGUTONZEKO,PFUKAMA WISHUZE YEHOVA ,USHIME KO YAGUTEJE IVYAGO,MUSHIMIRE INCURO IGIHUMBI KUVYO YEMEYE KO BIKUBAKO. KAZE DUSANGIRE IKIGANZA CA YEHOVA CIYERETSE UMWIGEME YITWA NZOYISABA Grace.

Uyu mwigeme yaronse agakiza akiri umwana mutoyi w’imyaka umunani,yarahavuye abatirizwa aremera ko Yesu Kristo amubera kibirengeye muri vyose na hose.

Musazawe Kivin yafashwe n’ingwara ikomeye cane mu bwonko,isaba ko bamubaga kugira akire,ariko kubera ko se na nyina wabo bana bari abakene bo mu kigero kibi ku buryo no kurara bafunguye cari ikibazo gikomeye cane,nta ma Dollars 8.000 bari kuronka ngo bashobore kuriha abaganga bo kubaga ikibondo cabo ngo gikire iyo ngwara,nta nuwari kuyamugurana kuko babona ko ari abantu batagira nico bagaburira abana ataho boyakura…..

Mw’ijoro niho Grace yumva se na nyina bavugana bati nta nzira nimwe dufise yo kurokora ubuzima bwa Kevin atari IGITANGARO conyene,Grace aravyumva.

Bukeye yaciye araba mu gikombe nyina yahora abikamwo ibiceri yabona ko ata kintu vyogura akaza aravyegeranya kugira ni vyagwira azobijane kubivunjisha,Grace yarabitoye vyose vyashikana amahera mirongo itanu gusa.

Niho Grace yiruka aja muri PHARMACIE aho yahora abona nyina aja kugura imiti asanga uwo musi ntihakoze umukozi ahubwo hakoze nyene PHARMACIE nawe akaba yari docteur specialiste mu kubaga ingwara zo mu bwonko.

Grace mu myaka yiwe umunani yaciye aha docteur vya biceri vyamahera 50 amubwira ati mpa umuti witwa IGITANGARO,docteur ati mwana uwo muti ntubaho

Ariko Grace abandanya awumusaba abwira docteur ko se na nyina aribo bavuze ko ariwo muti wonyene wokiza musazawe arwaye.

Docteur yarabuze ico avuga,ariko kubera atizera cane ivyo Grace amubwira yahavuye amubwira ati wumvise nabi abavyeyi bagutumye uwundi muti ati jimbere tujane muhira ndabibarize neza simpave ndaguha umuti utariwo,bageze muhira abavyeyi bariko bariyambagura barondera iyo Grace yazindukiye,niho babona atuzutse muhira ari kumwe na docteur batari bazi,niho yabiganira ivyo Grace yamubwiye,ariko bararahira ko ata kintu batumye Grace mugabo bati turagwaje umwana akeneye ama dollars 8000 ngo bamubage ibihute biri mu bwonko.

Docteur ati muze tugende mu bitaro ndamupime,barajanye Kevin docteur aca asanga ningwara zo mu bwonko yigiye kubaga aca aramubaga Kivin arakira neza ariko abavyeyi biwe ntibabona aho bazokura amahera yo kumuriha,ariko umusi wo kumubaha yababwiye ko ivyo yakoreye Kevin ata nifaranga na rimwe bazomuriha,mbere aca arabatahana muhira.

Mugenzi wiyemeje gukurikira inzira ya Yesu Kristo umwami n’umucunguzi wacu,shima ibigushikiye vyose,saba uzoronka,saba igitangaza ntuzi aho kizoca ariko kizoza muvyo utaziga,musore nawe nkumi,reka kwibaza vyinshi muri kazoza kawe ngo wibaze ko uzoronkera inyishu ahandi atari mu gitangaro YEHOVA azogukorera utabizi,utazi niyo kizozanana,reka kwizera umwana w’umuntu ntaco azokumarira naho yoba afise ubushobozi bungana gute,ariko Yesu Kristo wewe yama ateze ibiganza arindiriye uwumusaba ko amukorera ibitangaro.

Umwana w’umwigeme Grace yagiye kugura IGITANGARO co gukiza musazawe Kevin kandi yarakironse.

Muhezagirwe mwese abemera YEHOVA ko ariwe gusa abafitiye IGITANGARO

NDASENGA NSABA IMANA NGO UMUNTU WESE AZA GUSOMA IKI GISHINGANTAHE, IMANA IZOMUKORERE IGITANGAZA KIZOTUMA NAWE AYISHINGIRA INTAHE IBIHE BIDASHIRA. AMEN!!!

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s