Umugambi wiswe “TESHWA UTE” w’amashirahamwe yagiye hamwe ngo agwanye ihinyanyugwa ry’ibwirizwa nshingiro

(Ivyo twabasomeye) TESHWA UTE* *ESE BIZOHINDURA IKI KUMUGAMBI WA NKURUNZIZA*

Amashirahamwe agera kuri 23 yatanguje isekeza « Teshwa Ute » asigura ko ibituma bigerakuri bitanu vyayatumye gutanguza iryo sekeza.Mw’itangazo yashize ahabona, ayo mashirahamwe avuga ko ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro rihonyanga ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi n’amategeko yose yandi yenenako.Babandanya bavuga kandi ko ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro mu buryo ritunganijwe muri kino gihe riza nk’intambamyi y’utwigoro twose two kurondera umuti w’indyane igihugu cinjiyemwo kuva muri 2015.Muri iryo tangazo, ayo amshirahamwe asigura ko umugambi wo guhinyanyura ibwirizwa nshingiro uteye kubiri n’impanuro hamwe n’ingingo vyashitsweko n’abakuru b’ibihugu vy’akarere,umuryango w’ubumwe bwa Afrika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.Indi nsiguro aya mashirahamwe atanga, ni ukohamwe ibwirizwa nshingiro ryoramuka rihinyanyuwe, kubwayo ukudahana kobandanya gusasirwa indavamu Burundi.Abashize umukono ku rwandiko ayo mashirahamwe yasohoye kuri uyu wa gatanu bamenyesha ko gushaka guhidura ibwirizwa nshingiro biriko bikorwa hakoreshejwe iterabwoba aho kuba umugambi wumvikanyweko kandi uhurijweko na bose.Bahamagarira ibihugu vy’akarere, amakungu n’abafasha Uburundi guhaguruka bakabafasha kugwanya ico bise »ukudahanurwa” gushobora gusubiza Uburundi mu ntambara n’ingendo y’ihirikwa ry’ubutegetsi.Abarundi bose muri rusangi harimwo n’abo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, ayo mashirahamwe abahamagarira kugarariza umugambi wa kamarampaka utegekanijwe mu kwezi kwa 5 uyu mwaka ari nayo Abarundi bategerezwa kugaragarizamwo ko bashaka ko ibwirizwa nshingiro rihinyanyurwa canke bifuza igihushane cavyo mu gutora “Ego” canke « Oya”.Amenshi muri aya mashirahamwe harimwo ay’Abarundi bari hanze n’ayahora akorera mu gihugu ariko ubu yahagaritswe canke yafuswe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.Bamwe mubayarongoye baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi bagirizwa gukorana n’abashatse guhirikaubutegetsi kuwa 13 ukwezi kwa gatanu uwo mwaka nyene.Kw’itariki ya 12 ukwezi kwa 12muri 2017, umukuru w’igihugu c’Uburundi yugurura isekeza ryo gusigurira Abarundi umugambi wa kamarampaka, yagabishije abashaka kuwuburizamwo ko ari “ umurongo utukura” ntarengwa.Mu kiganiro yahaye Ijwi ry’Amerika, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka Agathon Rwasa yasavye indongozi z’Uburundi n’Abarundi bose gushira imbere ineza ya bose.Rwasa asanga Abarundi bose bari bakwiye kuronswa uburenganzira bungana bwo gushikiriza ata gitsure ico bagona kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro

Une réflexion sur “Umugambi wiswe “TESHWA UTE” w’amashirahamwe yagiye hamwe ngo agwanye ihinyanyugwa ry’ibwirizwa nshingiro

  1. Ugutora ni uburenganzira Abarundi bahabwa n’amategeko. Ku bw’ivyo rero umuntu wese w’umurundi atari n’iryo iryo agona azorigaragariza mu kazu k’amatora.Twizigire ko ata busuma buzoharangwa. Hamwe ayo matora yokwibwa buzoba bubaye ubugesera.

    J’aime

Les commentaires sont fermés.