Guinee Equatoriale : Ubutegetsi bwagiriza Ubufaransa kugira uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi

Ubutegetsi bw’igihugu ca Guinée Equatoriale bwemeza ko ari igihugu c’Ubufaransa categuye igikorwa co gutembeza ubutegetsi, vyahatswe kuba mu kwezi kwa Kigarama 2017.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Ijwi rya Amerika, umushikiranganji w’imigenderanire w’igihugu ca Guinée M. Agapito Mba Mokuy, mu kiganiro ku bamenyeshamakuru, yavuze ko integuro zose zo gutembagaza ubutegetsi zabereye mu gihugu c’Ubufaransa

M. Agapito Mba Mokuy yavuze kandi ko ata mutegetsi w’igihugu c’Ubufaransa yoba ari mur’uyo mugambi wo guhirika ubutegetsi, akongera akavuga ko abihevyi, n’abacangero 27 bafashwe, abashika 150 nabo bariko bararonderwa.

Imigenderanire y’Ubufaransa na Guinée ikaba yatanguye gutosekara inyuma yaho ubutungane bw’Ubufaransa buciriye urubanza Teodorin Obiang, umuhungu w’umukuru w’igihugu ca Guinée, akaba ari n’icegera c’Umukuru w’igihugu, aho yasabiwe umunyororo w’imyaka 3 n’ihadabu y’imiriyoni 30 z’amafaranga y’abanyaburaya,yagirizwa kwiba itunga ry’igihugu.

Igihugu ca Guinée equatoriale kikaba ari kimwe mu bihugu bifise igitoro cinshi ariko abanyagihugu bakaba bugarijwe n’ubukene ,umukuru w’igihugu Teodoro Obiang Nguema akaba amaze imyaka 38 ku butegetsi.

Publicités