Siriya:Abantu 23 bapfuye mu gitero co mu kirere

Abantu 23 nibo bapfuye mu gitero cakozwe mu kirere mu gace kitwa Ghota i Damas, ku murwa mukuru w’igihugu ca Siriya.

Abaharanira agateka ka zina muntu bakorera muri ako gace bamenyesheje ko abanyagihugu aribo basinzikajwe cane n’ivyo bitero.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryasavye ko izo ngwano zihagarara mu maguru masha.

Ayo makuru amenyesha ko umwe mu banyagihugu aba muri ivyo bice yavuze ko hakomeretse abantu 19, hamwe n’inzu zitari nke z’abantu zabomotse.

Uwo munyagihugu yavuze ko ikibazo bafise ari ico kubura imiti abakomeretse bakeneye cane.

Kuva ku musi wa mbere w’iyi ndwi,abasirikare b’igihugu ca Siriya batanguye kugaba ibitero mu kirere murako gace kabamwo abantu ibihumbi 400,bivugwako hamaze gupfa abantu 130.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s