Tanzaniya igiye kuva mu mugambi wa Onu wo gufasha impunzi

Ubutegetsi bwa Tanzaniya bwavuze ko bugiye kuva mu mugambi wa Onu ufasha impunzi gutangura ubuzima bushasha mu bihugu vyabakiriye.

Kuva kera impunzi zamye zifata Tanzaniya nk’ijuru rya kabiri mu gihe ico gihugu gicumbikiye muri kino gihe impunzi 350000, zahunze indyane mu Burundi no muri Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo.

Prezida John Magufuli yavuze ko imvo z’umutekano n’iz’uburyo buke, arizo zigiye gutuma igihugu ca Tanzaniya kiva muri uwo mugambi.

Mu mwaka uheze Tanzaniya yarahagaritse vy’agateganyo kwakira impunzi, isaba abarundi gusubira mu gihugu c’amavuko, ingingo yaneguwe n’amashirahamwe aharanira amateka.

Igisata ca Onu kijejwe impunzi cavuze ko cimirije kurungika intumwa zo ku rwego rwo hejuru kuvugana na leta ya Tanzania.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s