Muramvya : Abantu 2 bahagatitswe bagirizwa kwiyandikishiriza aho batavuka kandi bataba

Abagabo babiri barahagaritswe n’igiporisi ku mutumba Murama, komine Mbuye, intara ya Muramvya, bagirizwa kwiyandikishiriza aho batavuka kandi badasanzwe baba ngo bazokwitabe amatora yo kwemeza canke guhaka ibwirizwa shingiro.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko abo bagabo babiri ari MANIRAKIZA Gregoire yavukiye ku mutumba Rusave, Komine Rango, intara ya Kayanza na BIGIRIMANA Tharcisse yavukiye ku mutumba Mutoyi, komine Bugendana ,intara ya Gitega bose baba ku murwa mukuru w’intara ya Muramvya.

Ayo makuru amenyesha ko abo bagabo babiri bafashwe nk’igihe c’isaha icumi n’imwe z’umugoroba kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2018,bariko biyandikishiriza aho batavuka, kandi atari naho basanzwe baba.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko abo bagabo bari mu minwe y’inyamiramabi I Mbuye, mu ntara ya Muramvya, amatohoza ya mbere akaba yatanguye.

Publicités