Musaga : Abantu 11 barakomerekejwe na gerenade

Abantu 11 harimwo umwe ababaye cane nibo nakomerekejwe na gerenade yatewe muri zone ya Musaga, Komine Muha, mu gisagara ca Bujumbura, mw’ijoro ryo kuwa gatandatu igenekerezo rya 10 Ruhuhuma 2018.

Amakuru dukesha igiporisi c’Uburundi amenyesha ko iyo gerenade yatewe nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro, ku bunywero bwitwa ku Mutobe, buri mu gace kitwa Ceceni, muri quartier Kinanira, hafi y’uruzi Kanyosha.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko inyuma y’iterwa ry’iyo gerenade hari abamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.

Mu bajejwe intwaro aho ku Musaga, bamenyesha ko bagiye gukomeza amanama y’umutekano, aho babona umutekano udatsimbataye bagerageze kuwutsimbataza.

Publicités