Abarundi bazindukiye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro

Kuva isaha icumi na zibiri z’igitondo kur’uno wa kane igenekerezo rya 17 Rusama 2018 abarundi bazindukiye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. Mu gisagara ca Bujumbura, abantu batari bake bazindutse gutora, bakaba bamenyesheje ko bazindutse kugira baje mu mirimo ituma bibeshaho, bahejeje gutora.

Kuva isaha icumi n’imwe n’igice z’igitondo, uruja n’uruza mu mabarabara rwari rutanguye kwumvikana, ahanini bakaba bari abanyagihugu bari bazindukiye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.

Mu bibanza batoreramwo, abenshi bagize ikibazo co gusanga batonze aho badatorera, kuko hari ibibanza vyo gutoreramwo birenga 10, aho naho nko kw’ishuri ryo muri zone ya Kamenge aho bita Ku Bafaransa, abenshi bisanga batonze aho batategerezwa gutonda.

Bamwe mubo twavuganye, bamenyesheje ko bari bazi ko baza gutorera aho biyandikishirije, ariko bahashitse baca basanga siho batorera, ari naco gituma bazimiye.

Ayo matora yatanguye igihe c’isaha icumi na zibiri z’igitondo, arangira isaha icumi z’umuhingamo nk’uko biri mw’itangazo ry’umurwi utegura amatora ku rwego rw’igihugu CENI.

Amakuru amenyesha ko, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA isaha icumi na zibiri n’iminota 45 yari ahejeje gutora.

Publicités