Ducire agace kububatse
=================
1=abantubeshi babanye nkabahiganwa hakubana nkabashize hamwe
2=kutikunda ugaha agaciro uwo mwubakanye kumateka yiwe
3=nimuje inama mugufata ingingo
4=ubahiriza ivyiyumviro vyuwo mwubakanye
5=isuzume neza amajambo ukoresha mukuganira kuko ushobora kwibazako ivyuvuze vyubatse kumbe birasambuye
6=ereka uwo mwubakanye kumukunda umuhumwanya wokubaza
7=nimugume murabagenzi ntimwibagire twatuzina mwakoresha mukironderana
8=shima canke usabe ikigongwe mugihe bikenewe,naho bigoye kuribeshi kandi arijambo ryoroshe
9=nimufashanye ibikogwa vyomurugo naho beshi babifata nkikintu kitabaho ariko biri muvyubaka rukaguma
10=kuvugana birakenewe kandi birafasha nkomugihe umwe atarihafi yuwundi
11=ibagira ingorane zabashikiye kandi zarenganye
12=nimushime ubuzima mubayemwo ntimugirire ishari abandi kuco babasumbije
13=nimurondere umwanya wokuganira kuko bibabasha guserura ikiri kumutima mukagitorera umuti
14=niwemere amakosa yawe kandi wirinde kuyakora kubushake
15=ntukagereranye uwo mwubakanye nuwo mwahorana hambe kuko biri mubisambura
16=wirinde wongere urinde uwo mwubakanye ntukamwipfurize kubabara kuko nagira ingorane nawe uzoba uyiguze
17=ramutsa uwo mwubakanye mugihe usubiye murugo kuko acabonako umwitayeho
18=ntugatangaze amabanga yomunzu kubwishavu nubikora uzoba wihemukiye wewenyene
19=irinde abagenzi bawe kuba hafi yuwo mwubakanye
20=wirinde guhanuza uwundi kiretseko wabonyeko vyabananiye kuvyimarira
21=✍ukaba wubatse canke uvyiteguriye tegera bimwe muribi ubizirikane bizogufasha mubuzima kandi bibere umuryango wawe umuco nakaranga keza mumuryango
Ntiwibagire gutanga ubu butumwa kuko uzoba ufashije gukebura abubatse nabavyiteguriye,
Uhoraho abane namwe abajimbere mumiryango yanyu