Menya akamaro ko kwonsa umwana mu ndwi yahariwe ukwonsa kw’isi

Mu gihe isi yose iriko irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe ukonsa umwana, harasabwa ko abavyeyi bahimirizwa kwonsa abana babo amaberebere ya mbere.

Ibice 40 kw’ijana vy’abana b’inzoya bari hagati y’amezi 0 gushika kuri 6 ni bo babeshejweho n’ukwonka gusa, nk’uko bishikirizwa n’ishai rya Onu rijejwe amagara y’abantu kw’isi.

Iryo shirahamwe rivuga ko ubuzima bw’abana bashika 820.000 bafise imyaka iri musi y’itanu bashobora kurokoka buri mwaka, mu gihe abana bafise hagati y’amezi 0 na 23 bokonswa bimwe bikwiye.

Ukuri kuvyerekeye akamaro ko kwonsa:

Kwonsa n’imwe mu nzira ikwiye yo gutuma umwana agira amagara meza akanabandanya kubaho neza.

Iyaba ibiharuro vyo kwonsa vyobaye biri hejuru cane kw’isi, abana bangana 820.000 borokotse buri mwaka, nk’uko bishikirizwa n’ishai rya Onu rijejwe amagara y’abantu kw’isi (OMS)

Kwonsa abana mu kiringo c’amezi atandatu bifise akamaro kenshi ku mwana n’umuvyeyi.

Kwonsa umwana ubwo nyene akivuka mu kiringo c’isaha yose, biramukingira ingwara zandukira inzoya bikanagabanura impfu zabo.

Amaberebere y’umuvyeyi kandi aratanga inguvu n’ingaburo ku bana bari hagati y’amezi 6 na 23.

Amaberebere y’umuvyeyi ashobora gutanga igice canke canke akarenza inguvu z’umwana afise hagati y’amezi 6 na 12.

Inzoya n’abana bakiri bato bonse bakiri bato bafise amahirwe make yo kuvyibuha cane.

Kwonsa neza birafasha umwana kugira ubwenge (IQ), kwiga neza mw’ishure, kandi biratuma agira inyungu nyinshi mu buzima bw’abantu bakuze.

Kwonsa umwanya muremure birafise ico biterera mu buzima bwiza bw’umuvyeyi kuko biragabanya ugushobora gufatwa n’ingwara ya kansere yo mu gitereko no mu mabere.

Kwonsa kurakora ibintu umubiri ukeneye (Hormone) bituma umuvyeyi n’umwana babaho neza.

Kuri uyu wa gatanu, uwo musi uhimbazwa mu gihe bamwe mu bapfaso ni kw’isi badashobora kwonsa abana babo nk’uko bitegerezwa bivuye ku mvo nyinshi.

N’aho hari utwigoro twinshi dukorwa mu guhimiriza abavyeyi ngo bamenye akamaro ko kwonsa n’amaberebere y’umuvyeyi ku mana, imwe mu mico n’imigenzo na cane cane yo muri Afrika ni intambamyi ikomeye mu gutegera no kwemera akamaro ko kwonsa bivuye kutagira ubumenyi bwerekeye uwonsa.

Zimwe muri izo ntambamyi zituma abavyeyi batonsa abana babo ni nk’akazi, ingwara n’imico myinshi itemerera umupfasoni kwonkereza mu bantu.

Mu misi iheze, umupfasoni umwe wo muri Kenya yarirukanywe mu kabare mu gisagara ca Nairobi ariko aronsa umwana.

Bimwe m’uvyo abantu bishizemwo bijanye no kwonsa:

Amaberebere ya mbere y’umuvyeyi aba ari mabi ku mwana, ategerezwa kumenwa.

Kwonsa bituma umupfasoni avyibuha birenze

Amaberebere y’umuvyeyi yonyene ntashobora gutunga umwana ari hagati y’amezi 0 gushika kuri 6.

Bimwe mu bifungurwa si vyiza ku bavyeyi bonsa.

Ni ngombwa ko uruyoya runywa amazi akivuka.

Amaberebere y’umuvyeyi atuma umwana anyoterwa.

Bamwe mu bavyeyi bavuga ko bonkeje amabere yabo aca agwa.

Ishirahamwe rifasha abana Save the Children rivuga ko abana bafise ingwara ya kwashi itewe no kutonka bikwiye ihitana abana 2.7 buri mwaka.

Indwi mpuzamakungu yo kwonsa ihimbajwe mu gihe reta n’abantu bo kw’isi muri rusangi bahamagarirwa gufasha abapfasoni kwonsa abana babo mu kiringo c’isaha yose umwana akivuka.

Abahinga bavuga ko ugukoranako kw’imibiri y’umuvyeyi n’Umwana bifasha kwongereza amaberebere y’umuvyeyi, harimwo amaberebere ya mbere na mbere y’umuvyeyi acibaruka, afatwa ‘nkurucanco rwa mbere’, afise ingaburo nyinshi kandi akingira n’umubiri.

Publicités