Mairie: Umuyobozi w’ishure ryisumbuye ry’imyuga rya Buterere yafashwe

Umuyobozi w’ishure ryisumbuye ry’imyuga rya Buterere,Benjamin MANIRAMBONA yafashwe kuruno wa gatanu igenekerezo rya 10 Myandagaro 2018 inyuma yaho afashwe yicaye nk’umunyeshure ariko akora ikibazo ca Reta «Examen d’Etat».

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza,Pierre NKURIKIYE amenyeshako Benjamin MANIRAMBONA yafashwe giturumbuka kw’ishure ryisumbuye ryitiriwe ikiyaga Tanganyika yigize umunyeshure.

Ayo makuru abandanya avuga ko abigisha b’abagenzi buyo muyobozi baguma bagendagenda hafi y’ibirasi abanyeshure bariko bakoreramwo ico kibazo nabo nyene baciye bafatwa.

Publicités