Perezida Jinping w’Ubushinwa ahakana gufasha Afurika « mu imigambi itaramba »

Perezida Xi Jinping w’Ubushinwa yavuze ko iki gihugu kidashora imari muri Afurika mu « migambi itaramba », avuga yuko Ubushinwa buriko burafasha uyu mugabane mu kubaka ibikorwa-remezo vyawo.

Mu nama ihuza Ubushinwa n’ibihugu vy’Afurika y’iminsi ibiri yatanguye ku wa mbere, Bwana Jinping yasezeranyije ko Ubushinwa bugiye gushora imari y’inyongera muri Afurika ingana na miliyari 60 z’amadolari y’Amerika avuga ko igamije iterambere ry’uyu mugabane no gushimangira umubano.

Vyitezwe yuko iyo mari buzoba bwamaze kuyishora muri Afurika bitarenze impera y’uyu mwaka wa 2018.

Publicités