Amazi y’ikiyaga Tanganyika ejo yiriwe asa n’icatsi gitoto

Abantu mukuryosha inkuru biriwe barandika kuri whatsapp na Facebook yuko amazi y’ikiyaga Tanganyika yabanje gucika amaraso hanyuma yongera asa n’icatsi kibisi. Mugabo inkuru y’ukuri ni uko ayo mazi yasa n’icatsi kibisi nkuko vyama bishika rimwe mu mwaka igihe amazi yo mu ndiba y’ikiyaga yasebutse akaduga hejuru.

Mûri ico gihe ibifungugwa vyamafi biba vyaje hejuru mbere bikaja hafi y’inkombe zikiyaga. Abahinga bavuga yuko atawe vyotera ubwoba kuko ari ibisanzwe kandi vyama vyashitse rimwe mu mwaka.

Publicités