Ishirahamwe FENADEB rivuga ko igitigiri c’abana bahevye amashure cagabanutse

Ishirahamwe rikwirikirana agateka k’abana FENADEB rimeyeshako rishimishwa n’igabanuka ry’ibitigiri vy’abana bahevye amashure mu mwaka w’ishure uheze wa 2017 ushira umwaka wa 2018 ugereranije no mu mwaka w’ishure wahera.

Ivyo babishikirije mu gihe kuruno wa mbere igenekerezo rya 10 Nyakanga umwaka wa 2018 ariho umwaka w’ishure wa 2018 ushira umwaka wa 2019 ariho watangura mu gihugu cose.

Mw’itangazo rya FENADEB ,umukuru waryo Jacques NSHIMIRIMANA amenyeshako ugereranije n’umwaka w’ishure wahera uyu mwaka habaye akarusho kuko hari itandukaniro ry’abana bashika 46 kw’ijana.

Jacques NSHIMIRIMANA avuga ko hakiri impinga ndende na cane cane mu ntara za Bubanza na Ruyigi zikwiye gukwirikiranwa kuko abana baheba murizo ntara bari k’urugero rwo hejuru.

Uyo arongoye FENADEB atera akamo abegwa bose n’ikibazo c’indero gushira hamwe kugira ibitigiri vy’abana baheba amashure bigabanuke.

Publicités