Umukuru wa Ekereziya Katorika Pape Francois aritezwe mu gihugu ca Mozambique mu mwaka wa 2019

Umukuru w’igihugu ca Mozambique Firipo NYUSI yameyesheje ko umukuru wa Ekereziya Katorika Papa Francois agiye kuzogendera igihugu ciwe mu mwaka uza wa 2019.

Amakuru dukesha BBC avuga ko inyuma y’urugendo umukuru w’igihugu wa Mozambique yagiriye ku cicero ca Ekereziya Katorika i Vatican ,Firipo NYUSI yavuze ko aho yasaba Papa Francois kuzogendera igihugu ciwe yamwishuye ko nimba azoaba akiriho azokigendera mu mwaka uza wa 2019.

Bivugwako iyo nama yahuje umukuru w’igihugu wa Mozambique hamwe na Papa Francois yamaze ikiringo c’iminota 30.

Ayo makuru abandanya avuga ko muriyo nama baganiriye kubijanye n’imibano hagati ya Vatican n’igihugu ca Mozambique hamwe no gukomeza umubano mwiza hagati y’ivyo bihugu.

Publicités