Amashirahamwe akorera mu Burundi yubahirije ingingo yareta yo kuyahagarika mu kiringo c’amezi atatu

Kuri uyu wa mbere ni ho ingingo y’inama nkuru y’umutekano mu Burundi ihagarika amwe mu mashirahamwe yigenga mpuzamakungu mu kiringo c’amezi atatu yatangura gushirwa mu ngiro.

Ibiro vy’amwe muri ayo mashirahamwe BBC yagendeye mu gisagara ca Bujumbura vyari vyugaye ata n’inyoni ikoma.

Akarorero ni ishirahamwe Care International. Ushitse aho rikorera uhasanga abajejwe gucungera umutekano bita aba ‘city’ bicaye ku bwijnjiriro bukuru bw’ico kigo ariko hugaye.

Publicités