Leta y’u Burundi isaba amashirahamwe gusubira kwiyandikisha no kwisunga amategeko

Mu nama bariko baragiriranira n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu amashirahamwe akorera mu Burundi asabwa kwisunga amategeko harimo kwubahiriza uburinganire bw’amoko mu kazi.

Muri iyo nama ihuza amashirahamwe ataho yegamiye muri politike, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal Barandagiye avuga ko ingingo yafashwe n’inama nkuru y’umutekano mu ndwi iheze iraba ayo mashirahamwe yose akorera mu Burundi atarivuyemwo.

Avuga ko vyaragaragaye ko meshi muri ayo mashirahamwe abaho kw’izina gusa.

Yongeye ati: « Menshi muri ayo mashirahamwe ivyo akora ntibihuye n’umugambi mukuru w’iterambere w’imyaka 10 uherutse gushikirizwa n’umukuru w’igihugu. »

Pascal Barandagiye yibutsa ko mu mwaka uheze ayo mashirahamwe yari yahawe ikiringo c’amezi atandatu ngo abe yisunze amategeko y’igihugu.

Publicités