Kenya: abapolisi ba Kenya bataye muri yompi batatu bavuga yuko bafatanye imiliyoni 10 z’amadolari y’amahimbano

Polisi ya Kenya ivuga ko yataye muri yompi Umunyakenya n’Abanya-Tchad babiri mu murwa mukuru Nairobi, inyuma yo kubasangana miliyari imwe irenga y’amashilingi ya Kenya – ni ukuvuga agera hafi kuri miliyoni 10 z’amadolari y’Amerika – ari mu madolari n’ama-Euro y’amahimbano.

Uko ari batatu, polisi yavuze ko bafatiwe mu gice ca Westlands gituwemeo ahanini n’abifise, mu murwa mukuru Nairobi.

Polisi yavuze ko bagiye gusaka muri ico gice ku isiri bari baciriwe na bamwe mu banyagihugu.

Urwego rwa Kenya rukora iperereza ku vyaha rwatangaje iyi foto ku rubuga rwa Twitter, inyuma yaho polisi itoreye uwo murundo w’inoti.

Publicités