Indoneziya: Abamaze guhitanwa n’umwuzure mu gihugu ca Indonesia barenga 1.200

Igitigiri c’abantu bazwi bahitanywe na ca nyamugigima n’umwuzure ku wa gatanu congerekanye gushika kubarenga 1.200, nk’uko ikigo kijejwe ibiza muri Indonesia kibimenyesha.

Ico gitigiri c’abapfuye caduze kiva ku 844 ku wa kabiri.

Nyamugigima y’igipimo ca 7.5 cateye hagati mw’izinga rya Sulawesi, gituma haba umwuzure mu gisagara ca Palu kiri ku kivuko.

Abantu bahaba bari mu bikene butagira uko buvugwa bw’ibifungurwa, igitoro n’amazi meza.

Publicités