Icibutso ca « genocide y’Abahutu » giheruka gushingwa i Gitega mu Burundi ntikibonwa kumwe

Icibutso ca « genocide y’Abahutu » giheruka gushingwa i Gitega mu Burundi ntikibonwa kumwe n’abaharanira kwibuka ubwo bwicanyi bwo mu 1972.Haracari amadidane ku muntu warwubatse n’ukuntu rwubatswe mu kwezi guheze kwa cenda. Uno munsi, umuryango Collectif International des survivants du Genocide Hutu de 1972 au Burundi, uvuga ko ari wo uri inyuma y’urwo rwibutso.Prudent Nsengiyumva yavuganye n’umukuru w’uyo muryango, Frederic Nzeyimana, ari muri Canada, atangura amubaza nimba koko ari we yatanze amabwiriza yo kwubaka urwo rwibutso.

Publicités