Icuma gihinyuza ububeshi wocizera?

Uwagenywe na prezida Trump ngo aje muri sentare ntahinyuzwa, Brett Kavanaugh, aracagirwako amatohoza. 

Mu ndwi iheze, kubera ibirego vyinshi bimwagiriza gushaka gufata ku nguvu abantu, yarahamagawe mu nama nkenguzamateka kwisigura ku nyifato yiwe kuva kuri kamere kiwe yaborewe gushika no ku kirangamisi c’igihe yari ku ntebe y’ishure.

FBI iriko iragira amatohoza kuri ivyo bintu mu gihe amatora yo kwemeza ko ashobora kuja muri ayo mabanga abandanya kwigizwa inyuma.

Abategetsi b’umugambwe w’abademokrate ubu bariko bahamagarira Kavanaugh kuja ku gipimo gihinyuza ububeshi muri ayo matohoza, kuko umwe mubamwagiriza amaze kukijako.

Publicités