Onu isaba ibihugu gufungura inyenzi mu minsi yimirije na burya zigwiriyemwo « protéine »

Abahinga mu vy’ibifungurwa bo muri Brésil bamaze iminsi bakoze ifu y’inyenzi mu ntumbero yo gutorera umuti ikibazo c’ikeha ry’indya, Onu nayo igasaba ko utwo dukoko twoshirwa mu vyo abantu bafungura mu gihe abanyagihugu baguma biyongera.

Fata umwanya urabe iyo foto y’umukate aho hejuru. Mu vy’ukuri usa n’iyindi.

Ariko ico womenya nuko wakozwe hakoreshejwe inyenzi, mw’ifu yavuye mw’utwo dukoko.

Iyo fu yakozwe n’bashakashatsi bo mu mu gihugu ca Brésil, igashobora gutanga inyishu ku kibazo c’ikeha ry’ibifungurwa no ku kibazo c’igabanuka ry’ingaburo ryo mu bwoko bwa « protéine »ryitezwe muri kazoza ka vuba kubera igwirirana ry’abantu. 

Abantu bagwirirana ningoga

Ku bw’ishirahamwe mpuzamakungu Onu, abantu bagera ku miliyaridi 9.7 nibo bazoba bari kw’isi mu 2050. 

Onu isaba ko inyenzi zishirwa ku rutonde rw’indya abantu bafungura – utwo dukoko ngo dufise ingaburo nyinshi ya « protéine », kandi ngo turagwiriye cane kw’isi kandi ntitugoye kuboneka. 

Mu turere twinshi tw’isi nko muri Aziya yo mu bumanuko bushira ubuseruko, zirafungugwa.

Ariko uwo mukate ntukozwe mu nyenzi nka zimwe usanga mu bice birimwo umucafu uva mu tuzu twa surwumwe mu bisagara vyinshi vyo kw’isi. 

Abashakashatsi bo mu gihugu ca Brésil bakoresheje inyenzi bita « lobster roaches », ubwoko bw’inyenzi zituruka muri Afrika yo mu buraruko. 

Zisanzwe zikoreshwa nk’indya n’abatunze ibikoko nk’ibitangurigwa bita « tarantula » n’imiserebanyi. 

Inyenzi « lobster roaches » zirondoka ningoga iyo zugaranywe.

Igice c'umukate
Izo nyenzi zatowe ngo abe arizo zitanga ifu ku mvo zibiri: uretse kuba zifise « protéine » (ibice 70%, mu gihe mu nyama zitukura harimwo ibice 50%), izo nyenzi ziri kw’isi imyaka imiliyoni nyinshi – kandi ntizigeze zihinduka uravye ibinyamubiri vyazo. 

« Zitegerezwa kuba zifise ikintu ciza mu gihe zashoboye kurengana amahinduka yabaye kandi zitagize ingorane zitewe n’ibidukikije, » niko bivugwa n’umuhinga mu vy’ibifungurwa, Andressa Jantzen wo kuri kaminuza « Federal University of Rio Grande » (FURG), mu bumanuko bwa Brésil. 

Kuduza ingaburo ya « protéine »

Ari kumwe n’umuhinga mugenziwe Lauren Menegon, yakoze iyo fu mu nyenzi zumye, yaronka ku madolari $51 ikilo. 

Mu gukora umukate, ibice 10% vy’iyo fu nivyo vyakoreshwa – iyindi ikaba ifu isanzwe. 

Ariko vyatumye hakorwa umukate utangaje.

« Iyo fu y’inyenzi yatumye umukate wiyongera ibice 133% mu ngaburo za « protéine », niko Andressa yabwiye BBC ikorera muri Brésil. 

Ushatse kugereranya, igipande c’umukate c’amagarama 100 kiba gifise amagarama 9.7 ya « protéine », ariko uwo mukate ukozwe mu ngano ukagira amagarama 22.6. 

« Twagabanuye ibinure muri uwo ukate mushasha ku bice 68%, » niko uwo mushakashatsi avuga. 

Inyenzi zumye zo mu bwoko bwa lobsterUwufise ububasha kw’isanamuFURG
Image captionIkilo kimwe c’inyenzi zo mu bwoko bwa lobster caguzwe amadolari $51

Ku bwa Andressa, uwo mukate nta budasa bunini ufise ugereranije n’uw’ingano. 

« Uwusuzumye mu buryo bwose, ingene umeze mu kanwa, ingene umota, ibara n’ibindi nta kintu kinini ubona ko cahindutse. Ariko hari abumva umengo urimwo akantu kameze nk’ivyema, » niko asigura. 

Umwigisha mu vy’ingaburo Enio Viera arongoye igisata gikurikirana udukoko tuguruka turibwa n’abantu, avuga ko hari udukoko twinshi twoshobora gukoreshwa mu ngaburo z’abantu. 

Atanga akarorero k’inzige, ibihori, utunyegeri, ibinyugunyugu n’imisiba. 

« Turafise ingorane zituruka ku mico, ntitwemere gufata utwo dukoko nk’imfungurwa, ariko hari n’igihe usanga utwo dukoko dutegwa umuti ntihagire n’uwubimenya, » niko Viera avuga. 

Avuga kandi ko kurya utwo dukoko bifise ingaruka nke ku bidukikije, kurusha gufungura indya tumenyereye. 

Lobster roachesUwufise ububasha kw’isanamuFURG
Image captionInyenzi zo mu bwoko bwa lobster zifise ibice 70% vya « protéine »

Ingeso yo gufungura udukoko tuguruka iragwiriye kw’isi, ariko Onu ikavuga ko iri mu bantu imiliyaridi zibiri gusa. 

Andressa na Lauren bariko barihweza ibindi bintu bokora biturutse kuri izo nyenzi, nka za gato, ibisata vy’ifu y’imbumbano hamwe n’amavuta. 

Muri kino gihe nta mikate ikozwe mu nyenzi irashika mu maduka, bitewe nuko ubutegetsi bwa Brésil butararekura ko abantu barya udukoko tuguruka duhabwa ibikoko muri ico gihugu. 

Ku bw’ubushakashatsi bwakozwe n’ikigo co muri Amerika « Global Market Insights », igurisha ry’udukoko turibwa ku soko mpuzamakungu rizovamwo amahera arenga amadolari imiliyoni $700 muri ino myaka itanu yimirije.

None woba witeguye gufungura umukate ukozwe mu nyenzi?

Publicités