Afrika Yepfo: Umupadiri w’umukatolika araregwa n’umunya Afrika y’epfo ko yamufashe ku nguvu kenshi

Umugabo wo muri Afrika y’epfo avuga ko yafashwe ku nguvu imyaka myinshi n’umupadiri w’umukatolika ubu « yamaze gusubira mu Bwongereza » nk’uko bimenyeshwa n’iradiyo yigenga yo muri Afrika y’epfo ENCA.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Women and Men Against Child Abuse ryateguye ikiganiro ku bamenyeshamakuru aho William Segodisho yasiguye ido n’ido y’ingene yafashwe ku nguvu n’umupadiri.

Segodisho avuga ko bahuye n’uwo mupadiri aba mu kibanza cagenewe abatagira aho bakika umusaya i Johannesburg mu myaka ya 1980.

Nk’uko Segodisho abivuga, uwo mupatiri ngo yaciye amwitaho anamwemerera ko ashobora kumushira no mw’ishure ry’abigenga. Uwo mupadiri kandi yaramuguriye n’impuzu aranamugaburira indya ziryoshe.

Abandanya avuga ko ijoro rimwe, uwo mupadiri yaramutumiye ngo basangire mu kwigina ko yasubiye kw’ishure. 

« Yari yanambwiye ko nza kuryama iwanje, ivyo numva ko ata ngorane… ariko turi mu cumba hakunzimana umutobe w’umucungwe canke ifanta koka, yampaye whiskey. »

Segodisho yabwiye abamenyeshamakuru ko amaze kuboregwa, uwo mupadiri yashize ku rutonde « ibintu vyiza » amaze gukorera Segodisho, avuga ko yaje afise agakingirizo.

Segodisho yavuze ati: »Ivyo nategerezwa gukora kwari ukugerageza kumunezereza », imbere y’uko avuga ido n’ido y’ingene bagize imibonano mpuzabitsina n’uwo mupadiri.

Avuga ko ico gihe yari afise imyaka 13. 

Yanavuze ido n’ido y’ingene yamufashe ku nguvu bajanye mu biruhuko.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s